Scroll to Top

Uru nirwo sentare nkuru ya Gitega yahavuye ibacira

By La Rédaction / Published on Monday, 27 Nov 2017 03:31 AM / /

Sentare nkuru ya Gitega iherutse gusasa mu manza zayo z’ivyaha mu rubanza rw’ikibiriraho hagati y’ababuranyi Schadrak Ndayikengurukiye na Didier Bayubahe ku ruhande rumwe hamwe n’umuryango w’abana Richard Bizimana na Jean Claude Ndayshimiye, aho yakatiye umunyororo w’ugupfungwa imyaka 20 Schadrak Ndayikengurukiye hamwe n’indishi y’akababaro ingana n’amafaranga y’amarundi imiliyoni zine nayo  murumunawe Didier Bayubahe imukatira umunyororo w’ugupfungwa imyaka ine hamwe n’indishi y’akababaro ingana n’iyaciwe mukuruwe bazohereza umuryango w’abo bana babiri baherutse guca ibikonjo babagiriza kuba bivye ibigori.

Kuri uyu wa gatandatu uheze, igenekerezo rya 25 Munyonyo uwu mwaka niho sentare nkuru ya Gitega yasasa mu rubanza rw’ikibiriraho gwahuza abavukanyi Schadrak Ndayikengurukiye hamwe na Didier Bayubahe bagirizwa kuba baraciye ibikonjo abana babiri bavukana Richard Bizimana hamwe na Jean Claude Ndayshimiye bo ku mutumba wa Kiremba komine ya Itaba mu ntara ya Gitega.

Mu ntahe y’icese yari yitabwemwo n’umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine Kanyana, Schadrack Ndayikengurukiye akaba yisiguye ashikiriza sentare ko ivyo yakoze afashijwe na murumunawe yabikoze kubera agashavu nayo abavyeyi babo bikaba vyaragaragaye ko ata ruhara bari babifisemwo.

Inyuma y’umwiherero, sentare nkuru ya Gitega ikaba yahavuye ikatira Schadrak Ndayikengurukiye umunyororo w’ugupfungwa imyaka 2o nayo murumunawe Didier Bayubahe imukatira umunyororo w’imyaka 4 hamwe n’indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni zine zine z’amarundi kuri umwumwe zizohabwa umuryango w’abo bana baciwe ibikonjo.

2,450 total views, 0 views today

Categories : homepage Justice kirundi

Add Comment