Scroll to Top

”Niyo ngeso” niko kazina bayitoreye

By La Rédaction / Published on Wednesday, 29 Nov 2017 11:22 AM / /

Inyuma y’ugushira ahabona amareresi atari make abica bigacika, umusore Hakizimana Baudouin indoto afise ngo n’izo ukubona amareresi ndundi yageze kure maze nayo ahurumbirwe nk’uko dusanzwe tubibona mu bindi bihugu.

Ireresi aheruka gushira ahabona yise ”Niyongeso” ikaba ishimikiye ku ngeso mbi zikunze kwibonekeza mu bantu batari bake yamara bikabananira ko bazivamwo.

Mu ncamake ireresi ”Niyongeso” ni ireresi yakinywe n’abarundi mu rurimi kavukire hamwe n’ururimi rw’igiswahili ikaba igana ku ngeso zikunze kwibonekeza mu bantu bikanabagora kuzikuramwo ; abarundi nibo bayamaze bati ”ingeso iraraba ntihwera”.

Mukaba muyisangamwo abakinyi karuhariwe nka Mbarushimana Riziki, Hakizimana Baudouin, Dusabe Rita, Ndayishimiye Raya, Banzubaze Saidi n’abandi

Iyo reresi ikaba yahinyanyuwe na Buja Art Video ifadikanije na Buja Art Film maze itegurwa yongera ihagarikirwa na Hakizimana Baudouin, ikosorwa na RAMAR nayo Karenzo Djuma akaba yari ajejwe kubaronsa ibikoresho n’aho bashobora kuyikinira.

Iyo reresi cokimwe n’izindi reresi ndundi mukaba mushobora kuziraba ku buntu muciye ku buhinga bwa none www.nihotv.com

8,446 total views, 0 views today

Add Comment