Scroll to Top

Basketball: Tombora ku migwi izohura mu gice ca kabiri mu gikombe c’umukuru w’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 30 Nov 2017 02:44 AM / /

Kuva mu ntango za kuno kwezi turiko turarangiza kwa Munyonyo, haratanguye igikombe citiriwe umukuru w’igihugu mu rukino rwa BasketBall, inkino zikaba zigeze mu gice ca kabiri gishira icanyuma. Kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 5 Kigarama , hategekanijwe tombora y’ukungene imigwi igiye guhura muri ico gice mu bahungu n’abigeme.

Nk’uko tubushikirizwa n’uwusanzwe arongoye akanama gategura iri higanwa, Nkunzimana Aimable, aramenyesha ko hatumiwe abaserukira imigwi yashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Iyo migwi nabo ikaba ari :

Mu basore: Gymkana- Bururi- Target Intamenwa- Young Eagles

Mu bigeme: Berco Stars-  Les Gazelles- Aigle Noir BBC- Ngozi 

Inyuma y’iyo tombola rero, hategekanijwe ko mu minsi mikeya gusa hazoca hamenyekana amagenekerezo inkino z’igice ca kabiri, n’urukino rwa nyuma  azoberako.

Mwomenya ko rino higanwa ryatunganijwe n’ishirahamwe rya Raising Generation  ifadikanije na n’ibiro vy’umukuru w’igihugu tutibagiye n’ishirahamwe ry’urukino rwa Basketball. Igikombe kibaye ku ncuro yaco ya mbere hano mu Burundi.

4,218 total views, 0 views today

Add Comment