Scroll to Top

Ngo ubwo bushikiranganji buriko burerekana aho Uburundi bugeze mu kwinjira mu karere

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 30 Nov 2017 14:27 PM / /
Umushikiranganji Isabelle Ndahayo hamwe n’umwunganizi wiwe Inamahoro Clarette, urumenyesto rw’umusaraba rwakurikiwe na Dawe wa twese, Best Outlook Hotel, ku wa 30 munyonyo

Mw’ijamabo ryo kugurura ibikorwa vy’uruganda rwo guhahana amakuru ku ntambwe Uburundi bugeze ko mu gushira mungiro imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko mu bisata vy’imibano, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi ya Afrika y’Ubuseruko Umupfasono Isabelle Ndahayo yaravuze ko hamaze gukorwa ibitari bike.

Yavuzeko  mu ntumbero y’ugushika kw’ihangiro ry’iterambere ry’umuryango vya Afrika y’Ubuseruko ibihugu bigize uyu muryango vyiyemeje guteza imbere ibisata vy’imibano vyo nkingi y’iterambere mu gomeza impinyanyuro mu bisata vy’indero, guteza imbere ibigo vy’akarorero, gukomeza inzego zijejwe ubushakashatsi, amagara y’abantu n’ugukinga indwara, guteza imbere imico kama hamwe n’inkino, kwitaho ibisata biaraba ibijanye n’iterambere ridakumira, gukurikiriza neza neza umugambi wiyunze ujanye n’abene gihugu, amagara y’abantu hamwe n’ibidukikije.

Umushikiranganji Isabelle yamenyesheje ko itunganywa ry’urwo ruganda  riri mu ntumbere y’Ubushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe imigabo n’imigambi ya Afrika y’ubusereko yo kwerekana aho Uburundi bugeze mu gushira mu gushira mu ngiro imigabo n’imigambi ya Afrika y’ubuseruko mu gisata c’imibano hamwe no kwerekana ingorane n’intumbero z’akarere mu bijanye no kwiyunga mu vyo imibano.

Ubwo bushikiranganji bwari bwategekanije ivyigwa bine.Ica mbere cerekeye ivyaranguwe mu gushira mu ngiro imigabo n’imigambi ya Afrika y’ubuseruko mu gisata c’imibano kikaba catanzwe n’umupfasoni arongoye ivy’imfata kibanza igisata c’imibano muri ubwo bushikiranganji, Dora Simbare.Ahejeje kuvuga ibihe bikuru vyaranze uyo muryango yaramenyesheje n’ibimaze gukorwa.

Icigwa ca kabiri cari cerekeye kwitaho iterambere ridakumira cashikirijwe na Alexis Nyongera. Yaratandukanirije abari ngaho akaranga ndemanwa n’akaranga ndemano.

Mu gihe icigwa ca gatatu cavuga ku bijanye no guhindura umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu kibanza gisangiwe mu bijanye n’inyigisho za kaminuza catanzwe n’umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu vy’indero Sylvie Batangwanayo, icigwa ca nyuma cavuga ingaruka z’imigera ya Aflatoxine ku magara y’abantu n’ibikoko cashirijwe n’umushakashatsi Célestin Niyongabo akora mu kigo ISABU .Iki cigwa catumye abantu bari ngaho bagira amakengo ko boba baramaze kwandura.Umuhinga Célestin yarabahumurije ko inzego zitari nke ko zamaze gufata mu minwe ici kintu kigaramiye ubuzima.

Umukenguzamateka yatowe mu ntara Cibitoke, Ida yarasavye ko hoba amatohoza bakamenya ko hatari aboba bamze kwandura uyo mugera kandi bakavuzwa kuko ngo birateye ubwoba uravye uko abantu babayeho batazi ingaruka za Aflactoxine.

6,984 total views, 0 views today

Add Comment