Scroll to Top

Penny, uwundi mwigeme avurwako gukorora inda ya Diamond Platnumz

By KING YANN COOL / Published on Friday, 01 Dec 2017 08:27 AM / /

Umumenyeshamakuru w’umugore wo muri Tanzania, penny, yasubiriye kwagirizwa ugukurayo Inda ya Diamond igihe bari bakiri abakunzi.

Penny and Diamond

Hasubiriye kandi kwumvikana uwundi mukobwa bivurwa ko yoba yarakuyemwo Inda ya Diamond Platnumz. Iyo ngo s’iy’ubu ariko ngo haraheze igihe bitari gito.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ghafla co mu gihugu ca Kenya ishami ryaco ryo muri Tanzania, avuga ko uwo mwigeme Penny bakundanye haraheze imyaka yababa 4, ngo yararirimbwe na Diamond mu ndirimbo yiwe nshasha Sikomi.

Muriyo Diamond avuga ko yagerageje gukora Ico ashoboye ngo amube hafi mu gihe yatwara Inda, n’ukumugurira imodoka navyo birajamwo, ariko biza guhe amukuriyeyo Inda.

Uwo mukobwa yahebanye na Diamond inyuma yaho habonetse amashusho ya Diamond arikumwe na Wem Sepetu, ngo yarahakanye kuva kera gose ivyo vyavurwa ko amufitiye Inda.

Mu kiganiro aheruka gutanga ku kinyamakuru co muri ico gihugu ca Tanzania, yavuze ko ivyo vyamye bivurwa kuva kera, ariko we ntaco bimutwaye nimba Diamond yahisemwo kubigarukana muri kino gihe.

Ivyo biriko bikwirakwizwa mu gihe yaheruka gushirwa uruhererakane rw’abakobwa bashobora kuba bafise Inda ziwe canke abana bise, barimwo umurundikazi, umunyazimbambwe, umu Tanzania n’abandi

2,920 total views, 0 views today

Add Comment