Scroll to Top

Wema Sepetu  yavuze kuvy’urupfu rwiwe

By KING YANN COOL / Published on Friday, 01 Dec 2017 08:43 AM / /

Wema Sepetu yemeje ko yumva ashaka kwipfira bivuye mu majambo atandukanye amuvurwako, akizera ko bitazohinduka yapfuye, naho umupfu ngo basanzwe bamuvuga neza.

Mu gihe Wema Sepetu yaheruka mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho yari yahamagawe mu giteramo citabiriwe n’abakoresha umuhora wa Instagram. Uwo mwigeme avuyeyo yanditse amajambo kuri urwo rubuga nyene, yateye amakenga abamukurikirana.

Muri ayo majambo yahavuye mu nyuma afutwa nawe nyene ubwiwe kuri urwo rubuga, yavuzemwo kuba ashaka kuvavanura n’imbuga Ngurukanabumenyi kuko ngo bamuvuga cane. Uwo mwigeme akaba yahavuye anamenyesha ko n’ugushaka kwivira kuri ino si -Gupfa- navyo birimwo, aho akibaza ko batazohava bahindura ngo bamuvuga neza kuko azoba yavuye kw’isi, nkuko bakunze kubigira kubitavye Imana.

Gushika ubu biracagoye kwemera icoba camuteye kuvuga ayo majambo, n’ibinyamakuru bitandukanye vyaba ivyo muri Tanzania canke ahandi nta barabasha kumenyesha icoba cabimuteye, nkuko Ghafla ibandanya ibishikiriza.

3,727 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment