Scroll to Top

#Indundi cinema| Ireresi ”Ubuzima burahinduka” ntikwiye kugucika

By La Rédaction / Published on Saturday, 02 Dec 2017 04:35 AM / /

Ireresi ”Ubuzima burahinduka” itanga impanuro ku bantu bakunze kwiyitirira ivy’abandi mu gihe baba bizewe n’umuntu mu nyuma bagaheza nabi.

Ivyo ni vyo vyashikiye Claude yari umukozi wo mu nzu hama akizerwa kugira asigarane urugo mu gihe benerwo bari bagiye mu mahanga maze aca arugira urwiwe ariyibagira. Amaze kwirukanwa muri urwo rugo yaragize ubuzima bubi kubw’ukudahanurwa kwiwe.

Incamake : mu gihe ROBI yari agarutse mu gihugu c’amavukiro avuye mu Bufaransa kwiga amashule, yasanze amatunga y’umuryango yarigaruriwe n’umukozi bari basigaranye inzu gutyo yirukanwa mu nzu y’umuvyeyi wiwe nk’igisuma. Niho yahava ahamagara nyina wiwe nawe nyene yari mu mahanga maze babona kugaruza amatungo y’umuryango nayo uwo mukozi yari yarayihagiye aja mu buzima bugoye.

Iyo reresi ikaba yateguwe na RIVER THE GREAT FILM ihinyanyurwa na IMPANO Videoz, aho Happy River ari muriyo nka Producer-Director, amasanamu n’uturirimbo navyo bikaba vyakozwe na Vumiliya Berger afadikanije na Abayisenga Deo nayo make-up ikorwa n’abigeme batatu aribo Kwizera Alice, Uwera Samantha hamwe na Ciza Ariella.

Iyo reresi cokimwe n’izindi reresi ndundi mukaba mushobora kuziraba ku buntu muciye ku buhinga ngurukanabumenyi http://nihotv.com/video/74

 

2,643 total views, 0 views today

Add Comment