Scroll to Top

Abagize umurwi w’igihugu CENI baraye bongewe ikiringo

By La Rédaction / Published on Wednesday, 06 Dec 2017 05:48 AM / /

Mu gihe ikiringo c’abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI mu mpunyapfunyo y’ikinyamazuru cari gisa n’icarangiye, umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza yaraye awongeye ikindi kiringo kingana n’amezi atandatu.

Kuri uwu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 5 Kigarama uwu mwaka, abicishije mw’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu inomero 238 ryo kuwa 5 Kigarama ryongera ikiringo c’abagize komisiyo y’igihugu ijejwe gutunganya amatora mu Burundi, umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yaraye yongeye ikiringo kingana n’amezi atandatu umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI.

Iryo bwirizwa ry’umukuru w’igihugu rikaba ryateweko igikumu na Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza, icegera ca mbere ciwe Gaston Sindimwo hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zikundisha igihugu, Pascal Barandagiye.

2,334 total views, 2 views today

Categories : homepage kirundi politics
Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel