Scroll to Top

Miss Annie Bernice yitabiriye ihiganwa rya Miss Afrika 2017 muri #Nigeria

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 06 Dec 2017 10:38 AM / /

Miss Annie Bernice yafashe urugendo aserukiye Uburundi mw’ihiganwa rya Miss Africa 2017 rizobera muri Nigeria.

Miss Burundi, Annie Bernice kuri uyu wa gatatu niho yafata urugendo rumwerekeza mu gihugu ca Nigeria aho agiye aserukira Uburundi muri Miss Africa.

Iryo higanwa rikaba rigiye kubera mu gisagara ca Calabar kiri mu ntara ta Cross river, ku ma genekerezo ya 27 kigarama. Uwo mwigeme akaba aryitabanye inkomezi nyinshi mu gihe mugenziwe wo muri Angolas  mu mwaka uheze wa 2016 ariwe yari yatahukanye ikibanza ca 1.

Ku rubuga rwa Facebook, abatari bake bakaba bashigikiye uwo mwigeme w’imyaka 21 yafashe io ngingo yo guserukira Uburundi.

5,571 total views, 16 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel