Scroll to Top

Mt Number one yasohoye amasanamu y’akaririmbo “Nyemerera”

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 06 Dec 2017 10:53 AM / /

Amasanamu asa nk’ay’amajambo ari mu karirimbo “Nyemerera” kari mu mudiho utambika, niyo umuririmvyi Mt Number one yashize ahabona kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 kigarama.

Ibintu biratanguye kuja mu buryo, akaririmbo ka 1 ka Mt Number one aheruka gukorera aha Iwacu kamaze kuboneka, ako nako s’akandi ni Nyemerera. Ayo  masanamu akaba aboneka nkaho ari amasanamu y’amajambo agize iyo ndirimbo.

Ariko naho Biruko, ako karirimbo kagarukwamwo ukwinginga kwinshi cane kwiwe aho asaba umukobwa kumwerera kuko ngo naho ibintu bizoba bimeze nabi no atazomuva inyuma.

Bikaba bigoye kuvuga canke kwemeza ko hari ayandi masanamu y’aka karirimbo azohava aboneka, ariko ikizwi co nuko Mt Number one agize igihe yitaho cane ibikorwa vy’amasanamu y’indirimbo. Kandi amakuru Indundi Ifise akaba avuga ko uwo muririmvyi yoba ariko arakora n’ayandi masanamu y’indirimbo tutashoboye kumenya.

5,990 total views, 32 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel