Scroll to Top

Akami ka muntu ni agatima kiwe!

By Indundi Staff / Published on Thursday, 07 Dec 2017 01:27 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abasokuru barayamaze bati akami ka muntu ni agatima kiwe. Abasokuru bacu bari incambwenge kandi bakoresha imigani bashaka kumenyesha amabanga ( secrets ) akomeye ajanye n’imibereho ya muntu. Ayo mabanga rero mu kiringo umaze kuyamenya ukayagenderako uba uhejeje gukira.

Icambere c’uguherako ni ugutahura ico ijambo “agatima” ico risigura. Mu butahure bwa hafi, bishoka vyumvikana ko hariho ubutandukane hagati y'”agatima” be n'”umutima”. Ako gatima ka muntu nkuko tubitahura, ni kamwe rero wa muntu; uwu muntu yinyegeje muri twebwe twumva yamara ntitubone. Ni uwo nyene abahinga ba none babinonosoye bita “subconscient”. Ni ka gatima gatuma tubaho, kadukoresha ivyo dukora vyose kandi kihoreye. None ugira hari ubwenge bwawe ukoresha mu kugira umutima wawe utere? Ni urya wundi muntu atavuga muga akomeye.

Ako gatima ni kamwe gahengera dusinziriye, kakatwereka ibintu twita indoto, mbere kenshi na kenshi ntidutahure namba n’ivyarivyo kandi vyavuye muri twebwe. Ako gatima karakomeye cane mu buzima bwacu kuko kadutwara kihoreye.

“Agatima ka muntu niko kami kiwe”. Iryo rero ni ibanga rikomeye kuko duheza tukabona kumbe ko kami kacu kari muri twebwe. Abahinga rero baciye urwevu kare barabigenderereje bahava basanga hariho ubuhinga bw’ugushobora nyabuna guha amategeko ako gatima y’ukuntu wifuza ko kakurongora biciye mu buhinga bunyuranye nk’ukwibwira amajambo canke nk’uguhumiriza ukabona isanamu ihuye n’uko wifuza kuba.

Dufashanye duce urwevu, twige kandi twigane ubuhinga bwatumye abandi batera imbere bagakora ivyo tubona bisa n’ibirengeye ubwenge bwacu, maze gutyo natwe ejo tuze tugere aho bageze canke mbere tuharenge. Kuko, nkuko abo bahinga nyene  babivuga  ikimenyamenya c’uko ikintu gishoboka, n’uko haba hari uwundi muntu yagishoboye.

Twige gutegeka akami kacu( subconscient) maze katugenze uko dushaka, ni yo ntumbero y’ URWEVU.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel