Scroll to Top

Papi yavuze ku mwuga akora w’ugutamba mu biterano n’ububare i Kigali

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 07 Dec 2017 06:53 AM / /

Papi avuga ko umwuga w’ugutamba mu biteramo umutungiye umuryango kandi ko n’abandi bishoboka ko nabo wobatunga.

Umwe mu barundi basigaye bifashe neza i Kigali ni Papy yarakunze cane kuboneka mu biteramo arikumwe na Mkombozi, ariko kandi yarakunze n’ukuboneka ariko aratamba mu biteramo bitandukanye.

Kuri Micro ya Mugenziwacu akorera Isango star Tv, Papy yamenyesheje ko umwuga w’ugutamba mu biteramo umutunze, ukaba kandi umutungiye umuryango urimwo umugore n’abana batatu. Papy akaba yabwiye uwo mumenyeshamakuru ko asanzwe akorera mu bubare butandukanye i Kigali ko ata hantu hamwe afise akorera.

Ico kiyago cabaye hagati ya Papy n’uwo mumenyeshamakuru cabaye aho Big Fizzo yari mu giteramo i Kigali mw’ishirwa ahabona ry’urukurikirane Imbaraga rwa Charly na Nina. Uwo akaba yabandanije avuga ko icari camushikanye ngaho kwari ukuraba ibikorwa vya Big Fizzo ariko apana akazi.

3,956 total views, 4 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel