Scroll to Top

Rubanza Jay avuga ku busuma bwamuvurwako

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 07 Dec 2017 07:34 AM / /

Rubanza Jay ntahakana Ivy’igurishwa rya Beat 1 ku bantu 2 , Ariko akavuga ko arivya kera. Aho amakosa amwe akayata ku baririmvyi ubwabo.

Ibiheruka kuvurwa kuri Rubanza Jay ko yoba ari umwe mu bafukamye munda abaririmvyi mu kubagurishako Beat ziba zaguzwe n’abandi, avuga ko bibarizwa muri Kahise.

Uwo muhinyanyuzi abarizwa mu gitwara Magufuli, ntahakana ko ivyo vyabaye, ariko amwe mu makosa akayata ku baririmvyi ubwabo, aho akavuga ko hari abashaka kumuzuruma ibikorwa vyiwe, abandi nabo ntibavugishe ukuri mu gihe baba bariko barayaga, bigatuma habaho ayo makosa, aho usanga abantu 2 bariko bakorera kuri beat 1.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine yamenyesheje ko ubu yamaze gutora inzira nziza y’ukugira ivyo ntibize bisubire. Aho akizize abataramukurako amaboko ko bitazigera bisubira, eka n’abamubwiye ko batazosubira gukorana nawe akabasaba ikigongwe.

Uwo akaba ari umwe mu bahinyanyuzi b’indirimbo ndundi, akaba kandi n’umwanditsi w’indirimbo zitari nke zimaze gusohka abandi baririmvye.

Rubanza akaba mu kurangiza ikiyago cacu yavuze ko mu vyahindutse harimwo na Quality y’indirimbo kuko yegereye isoko ry’Ubumenyi Lizer Classic asanzwe akorera muri Wasafi Records.

5,605 total views, 2 views today

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel