Scroll to Top

Uburundi buhejeje kunyagira Ethiopia ibitsindo 4-1

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 07 Dec 2017 09:00 AM / /

 

Kuri uno wa kane Igenekerezo rya 07 Kigarama umwaka wa 2017 niho hari haramutse haba urukino rwahuza umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba hamwe na Ethiopia muri Cecafa Senior Challenge Cup mu gihugu ca Kenya.

Bikaba birangiye Uburundi bunyagiye Ethiopia Ibitsindo 4-1.

Ku munota wa 28 bakoreye ikosa Umukinyi Hussein Shabani Tshabalala, kwizera pierrot aza gutera Coufran igitsindo kiba cinjiye.
Ku munota wa 29 umupira wabandanije U
umugwi wa Ethiopia usa nkwuriko usatira Uburundi ariko abakinyi binyuma bahabera magabo.
Ku munota wa 45 umuhagarikizi yashoboye gutanga pernaltie ku ruhande rwa Ethiopia baza kucinjiza baza kuruhuka hari 1-1 .

Igice ca kabiri Intamba mu Rugamba zaje zazikenyeye, Umumenyereza aragira impinduka akuramwo Hakizimana Moussa Hafiz yinjiza Urasenga Dany Cedric Kagabo aho yaje azanye izindi nguvu zidasanzwe mbere yinjira n’igitsindo ca 2 ku Munota wa 54, asubira atanga umupira umeze neza uvuye ku ruhande ry’uburyo kwa Mugenziwe Hussein Shaban Tshabalala niko kuca bamusunika umuhagarikizi aca atanga Pernaltie yatsinzwe na Mavugo Laudit ku munota wa 68 haciye iyindi minota nka 10 hari ku
munots wa 78 Hussein shaban Tshabalala vyabonetse ko yashoboye kugora bimwe bikomeye abakinyi b’inyuma ba Ethiopia, akaba tatane umupira umeze neza kuri mugenzi we Nahimana Shassir igitsindo ca Kane kiba cinjiye biza kurangira Burundi 4-1 Ethiopia .

 

Mu kibukako iyo Tsinzi y’Intamba mu Rugamba yatumye Uburundi bukwiza Amanota 4 bakaba basigaje urukino na Sudani ku musi w’Imana .

6,232 total views, 4 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel