Scroll to Top

Cristiano Ronaldo atahukanye umupira w’inzahabu ugira gatanu.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 07 Dec 2017 13:42 PM / /

Kuri uno mugoroba mu gihugu c’Ubufaransa, hari hitezwe umukinyi atahukana agashimwe k’umupira w’inzahabu utangwa n’ikinyamakuru c’abafaransa Francefootball, agashimwe k’umwaka w’2017.

Umupira w’inzahabu w’uno mwaka ukaba watahukanywe na Cristian Ronaldo de Santos Aveiro, ku ncuro yiwe igira gatanu ( 2008,2013, 2014-2016-2017),agiye imbere abandi bakinyi nka Lionel Messi hamwe na Neymar Junior.

Ku myaka mirongo itatu n’ibiri (32), Ronaldo akaba yatsinze ibitsindo bigera uri mirongo ine n’icenda(49), atwara ibkombe bigera kuri bine ari kumwe n’uugwi wiwe wa Real Madrid.

Kuri uno munsi Ronaldo anganije na Lionel Messi, imipira y’inzahabu ihera kuri itanu nawe asanzwe afise ako gashimwe ku ncuro zitanu.

 

5,235 total views, 2 views today

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel