Scroll to Top

Interenete ifise umuvuduko udasanzwe ngo igiye kuboneka mu gihugu cose

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Dec 2017 07:49 AM / /

Interenete ifise umuvuduko udasanzwe ngo igiye gukwiragizwa mu ntara zose zigize igihugu cacu kuva mu ntango z’uwu mwaka w’2018 buca dutangura.

Nk’uko biherutse gushikirizwa na Donatien Manirampa asanzwe ari umuyobozi mukuru w’ikigo ARCT (Agence de Régulation et de Contrôle des Télécommunications), kuva mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2018 buca dutangura, interenete ifise umuvuduko udasanzwe (connexion internet à haut débit) ngo izoba yakwiragijwe mu gihugu cose ku bw’umugambi bise “Burundi Large Bande”.

Ivyo akaba yabishikirije ku musi wa gatatu uheze, igenekerezo rya 6 Kigarama uwu mwaka turimwo, aho yari yaramutse yugurura icese uwo mugambi.

Donatien Manirampa akaba yamenyesheje ko uwo mugambi usanzwe uzomara imyaka umunani (kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2025) ko uzotuma Uburundi buja ku rutonde rumwe n’ibindi bihugu vyo kw’isi bisanzwe bikoresha interenete bimwe bidasanzwe.

Uwo mugambi wose ngo ukaba uzorangurwa n’uburyo buvuye mu kigaga ca Reta y’Uburundi.

2,498 total views, 0 views today

Add Comment