Scroll to Top

Ibikorwa bijanye n’impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro ngo bigiye gutangura

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Dec 2017 09:15 AM / /

Ibikorwa bijanye n’impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ngo bigiye gutanga guhera ku musi wa kabiri w’indwi iza, igenekerezo rya 12 Kigarama uwu mwaka.

  Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zikundisha igihugu

Nk’uko bibonekera mw’ikete ry’ubutumire ryo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama, ryarungikiwe aba Buramatari b’intara hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zikundisha igihugu, Pascal Barandagiye amenyesha ko kuva ku musi wa kabiri w’indwi buca dutangura, igenekerezo rya 12 Kigarama ko ariho hazokwugururwa ku mugaragaro ibikorwa bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Ivyo bikorwa bikaba bitegekanywa kuzokwugururirwa muri komine Bugendana yo mu ntara ya Gitega bihagarikiwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, Perezida Petero Nkurunziza, bikazotangura igihe c’isaha zibiri zuzuye z’agatondo.

Umushikiranganji Pascal Barandagiye  akaba yaboneyeho gusaba aba Buramati b’intara ko bobimenyesha ba Musitanteri b’amakomine kugira nabo nyene bazokwitabire ako kamo.

6,564 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment