Scroll to Top

Diamond yasubiriye kuvurwa cane muri kano karere

By KING YANN COOL / Published on Friday, 08 Dec 2017 09:01 AM / /

Diamond ariko arasubira kuvurwa bikomeye muri kano karere kubera amasanamu abiri y’uturirimbo aheruka gushira ahabona.

Inyuma y’uturirimbo tubiri -Sikomi na  Niache- yashize ahabona mu ndwi yahera, Diamond Platnumz aheruka gushira ahabona amasanamuy’utundi turirimbo 2, turimwo 1 -Sikomi- mutwo yaheruka gushira ahabona mu ndwi iheze. Ako kandi karirimbo akaba yashize ahabona akaba ari akaririmbo yakoranye na mugenziwe w’umunyamerika Rick Ross.

Utwo turirimbo yaba Waka yakoranye na Rick Ross, eka na Sikomi yakoreye muri Tanzania tukaba turiko twifata neza kuri urwo rubuga rwiwe rwa Youtube, kuko gushika ubu ata na kamwe kari musi y’incuro zirenga 500.000 imaze kurabwa kuri urwo rubuga.

Izo ndirimbo zose uko ari 3 zikaba zitabuze kuvurwako ayatari make muri kano karere. Ayarimwo ay’uko uwo musore yaririmvye abakobwa bose bagendanye muri zimwe murizo.

3,902 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment