Scroll to Top

Platini na Fizzo ngo ntibabibona kumwe

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 09 Dec 2017 05:03 AM / /

Platini ntarya umunwa ko afise uwo yabwiye mu ndirimbo “Unkanga nkande”, iyo ngo yashimye kuvuga ibihushanye n’ivyo Fizzo yavuze mu ndirimbo “Konzi”, yiganye vyinshi muriyo.

Indirimbo unkanga nkande ya Platini ngo isa neza neza n’indirimbo Konzi ya Big Fizzo, ivyo vyashikirijwe mu kiganiro indundi Hit Show co kuri uyu wa mbere aho Platini yari umutumire muri ico kiganiro.

Plata muri ico kiganiro yamenyesheje ko Konzi iri mu ndirimbo yakunze muri uno mwaka, ari naho yakuye iciyumviro c’ukuyisubiramwo ariko avuga ku bihushanye n’ivyo Big Fizzo yavuze muri Konzi. Aho bakaba bagatanze akarorero k’akajambo Itakua Ngumu, aho Platini we yavuze ngo itakua nyepesi.

Platini yabandanije avuga ko yasubiyemwo uko yaririmbwe na Beat abifashijemwo n’umuhinyanyuzi Joeffrey akorera muri Kim Frans Records, kubera n’abandi basanzwe babikora. Platini ntahisha ko hari uwo yabwiye ariko agashima kutamuvuga, ahubwo we avuga ko asa n’uwateye ibuye mu mwijima no uwuzishura n’uwuzoba yakozweko n’ubutumwa.

3,581 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment