Scroll to Top

BasketBall (3×3): Uburundi ntibwamaramaye muri Botswana.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 08 Dec 2017 12:16 PM / /

Mu ntango za kuno kwzi kwa Kigarama turimwo, igihugu ca Botswana carakiriye ihiganwa rya Basket Ball rikinwa n’abakinyi batatu ( Basketball3x3), ku bakinyi batarenza imyaka icumi n ‘umunani.  Uburundi bukaba bwari bwaserukiwe n’imigwi ibiri ibiri. Umugwi w’ abigeme ( KAZOZA)  hamwe n’uw’abasore ( WINNERS).

Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya  munani Kigarama, niho imikangara y’Ubarundi yashika hano mu gisagara ca Bujumbura. Ino miyabaga ikaba yaragerageje gufata ikibanza ciza ku ruhande rw’abigeme ku bihugu vyari vyitabiriye iri higanwa.

Mu bigeme Uburundi bwafashe ikibanza ca gatatu, inyuma y’ugukurwa mu mahiganwa n’igihugu ca Namibia mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ku budasa bw’amanota atanu. Mu bigeme, umugwi wa Zimbabwe niwo wafashe ikibanza ca mbere, hakurikira  Namibia, Uburundi buza ubwa gatatu.

Abasore  nabo bafashe ikibanza ca gatanu, bivanye n’uko umwe mu basore bari bitezwe cane yarwaye, baviriyemwo mu gice ca kane gishira icanyuma.

Twobibutsa ko ibihugu vyari vyitavye rino higanwa yari :   Botswana, Burundi, Comores, Djibouti, Mauritius, Namibia, Seychelles, Swaziland  na Zimbabwe

6,836 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment