Scroll to Top

Ukuba Miss Burundi ngo s’igikorwa coroshe

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 09 Dec 2017 07:08 AM / /

Mu kiganiro ku mboneshakure Iwacu web Tv, abigeme babiri Miss Ange Bernice na Miss Annie Bernice ntibarya umunwa mu kuvuga ko igikorwa ca Miss Burundi gikomeye kandi bibasaba ukwitanga kudasanzwe.

Miss Burundi 2017 -Annie Brnice- i Bubamfu hamwe na Miss Burundi 2016 – Ange Bernice- i Buryo.

Yaba Miss Ange Bernice canke Miss Annie Bernice, bose nta numwe adahuza n’uwundi ko igikorwa c’ukuba Miss Burundi ata coroshe kirimwo. Aho bagahera kuvuga ko ukugira ushobora gukora ico wari wiyemeje, ari gikorwa kitari ico guta mu nda nsa, kuko kubwabo ngo  utegerezwa kudodora hirya no hino ngo uronke uwubasha kugufasha muri uwo mugambi wawe. Ivyo abo bigeme babiri bakaba baheruka kubiyagira ikinyamakuru Iwacu webTv mu kiganiro Gros Plan.

Muri ico kiganiro, abo bigeme uko ari babiri baranavuga ko iciza muri ico kibanza ar’izina uba ufise, kuko ngo rigufasha kugira aho udodoye bakwakire ata gahigihigi. Muri ico kiganiro nyene Miss Ange Bernice yabaye Miss burundi 2016, avuga ko kuba yarabaye Miss bifise ico vyamwunguye, nko kuba afise abo amaze kumenyana nabo bakomeye bashobora kumufasha mu bitari bike nka hamwe aramutse abikeneye.  Arangongerako ko anashobora kumenya ayandi mahiganwa aba ariko arategurwa, gutyo akavunira akagohe abagezweho.

Abo bigeme bose baranahuriza ko mu gihe uri muri ico kibanza ca Miss Burundi ko bimwe na bimwe utegerezwa kuvyiyima, birimwo kuba woshavura mu bantu kuko utegerezwa kwirinda kubonwa nabi mu bantu, vyongeye ngo utegerezwa kuyagisha neza abantu bose. Aho Miss burundi 2017 akongerako ko bitanoroha kumenyera kumenyekana aho uciye hose.

Mwomenya ko Inyuma ya Miss Burundi 2016 yaserukiye Uburundi mw’ihiganwa ry’ubwiza muri Afrika y’epfo, Miss Burundi 2017 nawe abarizwa muri Nigeria muri kino gihe kurondera igitsibo muri Miss Africa.

 

7,052 total views, 0 views today

Add Comment