Scroll to Top

Africa Basket: Irakoze Divine yatahukanye Sportsmanship Awards.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 09 Dec 2017 13:38 PM / /

Mw’ihiganwa  ry’urukino rwa Basket Ball(3×3),  ryaheruka  kubera mu gihugu ca Botswana, ryari ryitabiriwe n’imigwi ibiri yaserukiye Uburundi mu basore n’abigeme batarenza myaka icumi n’umunani (18ans).

Umwigeme Irakoze Divine  ( Kazoza)  yaronkejwe agashimwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball muri Africa, Haman Niang , bivanye n’uko  ari we mukinyi yigenjeje neza kurusha abandi mu bigeme muri iryo higanwa rya Basket Ball (3×3).

Kubw’umunyamabanga mukuru w’ishrahamwe ry’urukino rwa abasket Ball hano mu Burundi ari nawe yari yaherekeje iyo mikangara aremeza ko Uburundi bwahungukiye ibikomeye cane.

Uburundi bukaba bwaje mu kibanza ca gatatu mu bigeme, ikibanza ca gatanu mu basore ku migwi yaserukiye ibihugu icenda vyari vyitabiriye ayo mahiganwa kuva ku wa  1 Kigarama  gushika ku wa 7 Kigarama.

15,076 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment