Scroll to Top

Uku niko Ashley Diva yabonye igiteramo aheruka gukora

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 10 Dec 2017 12:35 PM / /

Ashley Diva ngo uko igiteramo cagenze kwose arashima Imana, naho uko vyagenze atariko yabishaka mu ntango

Photo | @raoulpictures

Igiteramo c’ishirwa ahabona ry’amasanamu y’indirimbo “My Level”, Ashley avuga ko ashima Imana kubona carabaye. Ariko akanavuga ko hariho bimwe ba bimwe bitagenze neza.

Ashley Diva mu kiganiro gito yagiranye na Indundi Magazine yamenyesheje ko hari bamwe mu bo bateguranye ico giteramo bamuhemukiye, bituma bitagenda neza vyose uko yavyipfuza.

Muri ico kiyago nyene yavuze ko abamushigikiye muri ico gikorwa yabashimiye bose, akabereka ko abafise ku mutima.

Mwomenya ko ico giteramo kibaye ica 1 akoreye aha Iwacu inyuma y’aho agarukiye avuye muri Kenya aho asanzwe abarizwa muri kino gihe.

7,440 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment