Scroll to Top

Ngo siwe yubatse urwo rushengero ni Imana yabikoze

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 12 Dec 2017 06:31 AM / /

Kuri uyu w’Imana igenekerezo ry’10 niho abakristo bahurikiye mw’ishenegero Héritiers avec le Jésus Christ bari baramutse binjira ingoro nshasha yubatse muri kariye Cibitoke, ibarabara ry’10 inomero 3

 

Umwungere mukuru w’urwo rushenegero Nkurunziza  Innocent batazira Ndamama yibukije abari ngaho ko muvyo abantu bategerezwa harimwo kubaka inyubakwa abantu bahuriramwo bagagenga mu kuri no mpwemu kuko ngo abenshi bagira ngo bariko barasenga ariko ari uguhenda abantu.

Ku bijanye n’uburyo bwakoreshejwe kugirango iyo nyubakwa irangire, Bishop Innoncent avugako ati:””Ikibazo c’uburyo kiragoye kwishura kuko ntawushobora guharura ubutunzi bw’Imana kuko iyo ngoro ngo yubatswe n’Imana”.

Nkuko avyivugira nta muntu n’umwe yamufashije kubaka iyo ngoro, ngo Imana yaramukoresheje. ”Jewe n’umuryango wanje n’Imana nitwe twubatse iyi ngoro”.

Ku bijanye n’ukwemera kuba kristo b’iryo shengero rishasha mu Burundi no kwisi, umwungere Nkurunziza atanga ijambo ry’abaromani ikigabane c’umunani umurongo w’17: Abasenga mu kuri no mu mpwemu nibo bazotarana ubwami bw’Imana.Ngo agiye gushinga amashero mu ntara zose zigize igihugu imbere yo kuja mu bindi bihugu.

2,966 total views, 0 views today

Add Comment