Scroll to Top

Akaririmbo Dibi dibi kumvikanamwo Ashley Diva kashizwe ahabona

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 12 Dec 2017 08:15 AM / /

Amasanamu y’akaririmbo Dibidibi Ashley Diva yakoranye n’umunyaKenya, kitangiye imbere My Level yaheruka kwemera gushira ahabona.

Mu gihe hakirindiriwe amasanamu y’akaririmbo My Level ka Ashley Diva, akandi karirimbo yaririmvyemwo, Dibi Dibi, k’umunyakenya ko kamaze gushirwa ahabona.

Ako karirimbo kakaba kaboneka ku rubuga rwa Youtube rw’umuririmvyi Choppah Man, kakaba kashizweko igenekerezo rya 7 kigarama. Ako karirimbo kakaba ari kamwe mu turirimbo Ashley Diva yaheruka gufatira amasanamu aho yari mu gihugu ca Kenya.

Gushika ubu Ashley Diva akaba ataragira ico ashikiriza kuri ako karirimbo, haba ku mbuga nka Facebook canke Instagram.

3,544 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment