Scroll to Top

Izo nyigisho ngo zigiye guhora zitangwa n’abarundi gusa kandi mu rurimi kavukire

By La Rédaction / Published on Friday, 15 Dec 2017 06:52 AM / /

Inyigisho zikunze gutunganywa n’amashirahamwe atandukanye zihabwa abatware bo ku rwego rwo hasi ngo zigiye guhora zitangwa n’abarundi gusa kandi mu rurimi kavukire rw’ikirundi.

  Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zikundisha igihugu

Nk’uko bibonekera mu rwandiko inomero 530/2650/CAB/2017 aherutse gushikiriza abakuru b’intara zigize Uburundi hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zikundisha igihugu, Pascal Barandagiye amenyesha ko kuva ubu inyigisho  zikunze gutunganywa n’amashirahamwe atandukanye zihabwa abatware bo ku rwego rwo hasi ko zigiye guhora zitangwa n’abarundi gusa kandi mu rurimi kavukire rw’ikirundi.

Ni muri iyo ntumbero nyene umushikiranganji Barandagiye amenyesha kandi ko abanyamahanga batarekuriwe gusubira gutunganya ben’izo nyigisho mu ntara hagati mu gihugu ariko ko bashobora kugenda kuzikurikirana nk’abarorerezi mu gihe bavyipfuje. Eka n’ingingo nyamukuru izo nyigisho ziba zishimikiyeko itegerezwa kuba idaciye kubiri na poritike y’igihugu.

Umushikiranganji Barandagiye aboneraho kandi kwibutsa ikurikizwa ry’ingingo ijanye n’ukubanza kuronswa uruhusha n’ubushikiranganji bubijejwe imbere y’uko ishirahamwe kanaka ritunganya ben’izo nyigisho ku banyagihugu.

2,899 total views, 0 views today

Add Comment