Scroll to Top

Emery sun ng’umunezero afise awuterwa n’urukundo

By KING YANN COOL / Published on Friday, 15 Dec 2017 13:37 PM / /

Emery sun abicishije mu ndirimbo “Nalewa” yerekanye uburyo urukundo amukunda rwamye mu masengesho.

Inyuma y’aho amenyeshereje ko akaririmbo gashasha buca gashirwa ahabona, uwo muririmvyi yashize ahabona akaririmbo kiwe gashasha.

Muri ako karirimbo uwo muririmvyi agaruka kuco yamye yipfuza ku mukunzi wiwe. Aho akavuga ko umusi amubona irya mbere ngo ntivyatangaje kuko yaciye amenya ko ariwe umukama yamuhaye.

Igihe nakubona umutima ngo kwa, vyaransa kwigumya ndatakara, nca ndatahura ko ari wewe marayika narungikiwe na rugira. Umaze kuba iwanje vyose birahinduka, ndagukunda maze nawe urankundira, icari ku mutima kiruruka.

Emery ntarya umunwa ko uno musi ariwe bari nk’ijisho n’imbone yaryo, ubu uwo mwigeme niwe ngo yahaye intumbero y’Urukundo.

Emery sun yemeza muri ako karirimbo ko uwo mwigeme ariwe amutera umunezero yamana kuko amukora aho umutima ubabara akahakanda. Uwo mukobwa nyene ngo niwe muti w’Ubusaza n’urupfu rumwumvise rurahunga.

Ese umunezero namana, ni wewe uryosha ubu buzima. Wama umbera Muganga, ugakora aho umutima ubabara ukahakanda. Niwe muti w’ubusaza n’urupfu rwumva rugahunga.

Ako karirimbo karwiriyemwo amajambo y’urukundo n’uwundi wese yokwandikira canke akabwira umukunzi wiwe, yakozwe n’umuhinyanyuzi Yves Molly the Magic, asanzwe ari nawe muhinyanyuzi bahuza cane.




4,998 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment