Scroll to Top

#Cecafa: Zanzibar yirahiye Uganda ibitsindo 2-1

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 15 Dec 2017 12:44 PM / /

 

Ibitsindo 2-1 nivyo vyahaye uburenganzora Zanzibar
bwo gukina urukino rw’Anyuma.

Umugwi w’igihugu ca Zanzibar ubandanya kwerekana yuko okemeye, a ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama umwaka wa 2017 waruramutse uhura n’umugwi w’igihugu ca Uganda mu nkino za Cecafa Senior Challenge Cup mu gihugu ca Kenya aho washoboye kwirahira ubuganda ibitsindo 2-1 mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma uhita ubona uburengazira bwo gukina urukino rwsanyuma ruzoyihuza n’umugwi w’igihugu ca Kenya kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Kigarama isaha icumi mu masaha yo mu Burundi .

Ugutsindwa k’ubuganda kwatumye bazohiganirwa ikibanza ca gatatu n’umugwi w’igihugu c’Uburundi ku musi w’Imana igenekerezo rya 17 Kigarama isaha umunani 14h mu masaha ya Hano iwacu.

4,823 total views, 0 views today

Add Comment