Scroll to Top

Amasanamu ya Kayengayenge RMX ya Yvan Muziki yamaze gushirwa ahabona

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 17 Dec 2017 17:20 PM / /

Yvan muziki yahavuye ashira ahabona amasanamu y’akaririmbo Kayengayenge RMX.

Inyuma y’igihe kitari gito karindiriwe cane, amasanamu y’akaririmbo Kayengayenge RMX yahavuye ashirwa ahabona.

Ayo masanamu yashizwe ahabona ku musi wa gatandatu igenekerezo 16 Kigarama amasaha yitereye mw’ijoro ku masaha y’i Bujumbura.

Muriyo habonekamwo abigeme n’imisore batamba batitangiriye itama, eka haranabonekamwo Muziki nawe nyene ariko arabafasha gutamba, hampande yiwe haranaboneka uwo baririmbanye Kaddy Gey.

Ako karirimbo kakaba kashizwe ku rubuga rwa YouTube rw’uwo muririmvyi Yvan Muziki.

5,065 total views, 0 views today

Add Comment