Scroll to Top

Komine ya Gitega niyo yabaye iya mbere

By La Rédaction / Published on Monday, 18 Dec 2017 03:20 AM / /

Komine ya Gitega yo mu ntara ya Gitega nyene niyo yabaye iya mbere mu makomine yashoboye kugira imigambi y’iterambere ikomeye mu mwaka uheze w’2016.

Kuri uno musi wa mbere uri hejuru, igenekerezo rya 18 Kigarama uwu mwaka niho umukuru w’igihugu cacu, Perezida Petero Nkurunziza ari kumwe n’umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine bashikiriza ibiharuro vy’ukungene amakomine yagiye ararusharushanya mu bijanye n’imigambi y’iterambere yaranguye mu mwaka uheze w’2016.

Muri ivyo birori vyabereye muri komine Rutegama yo mu ntara ya Muramvya, komine ya Gitega yo mu ntara ya Gitega nyene ikaba ariyo yamenyeshejwe ko yabaye iya mbere yashoboye gukora imigambi y’iterambere ikomeye muri uyu mwaka w’2016 uheze gusumvya ayandi makomine yose agize igihugu.

2,114 total views, 0 views today

Add Comment