Scroll to Top

Rally Joe yavuye mu gacerere amasanamu mashasha buca asohoka 

By KING YANN COOL / Published on Monday, 18 Dec 2017 07:04 AM / /
Igenekerezo rya 31 Kigarama, Rally Joe azokora igiteramo c’ugushira ahabona amasanamu y’akaririmbo kiwe gashasha. 
 

My Booboo Niko karirimbo gashasha umuririmvyi Rally Joe azoshira ahabona ku musi wa nyuma w’uyu mwaka wa 2017. Ako karirimbo ka kazoza kazananye n’amasanamu yako.

Mu kiganiro yagiranye na Indundi Magazine Rally Joe yemeje ayo makuru, yongera avuga ko hari n’ibindi bikorwa biri inyuma navyo biriko birategurwa neza kandi bizoba bisa neza.

Tumubajije igituma asohoye ayo masanamu muri kino gihe, yamenyesheje ko ari ukubera atashimye kurangiza umwaka adashikanye ico yari yaremeye.

Rally Joe avuga ko ibikorwa vy’iki gihe ngo vyaratevye kuko habanje kuba akanya ko kwitegurira ibikorwa bitandukanye birimwo  ama Audio n’ifatwa ry’amasanamu.

Muri ico kiyago twagiranye yabandanije avuga ko izindi zitazorindirwa nkuko vyagenze muri uno mwaka, ahubwo ngo bazokora bivuye Inyuma ata guhagarika.

Amasanamu ariko arakorwa ngo ashika kuri 6, ayo nayo akaba ariko akorwa n’umuhunyanyuzi w’amasanamu Brian Smith muri Fallon Films.

Ako karirimbo kazosohorwa igenekerezo rya 31 Kigarama, kakazokorerwa igiteramo uwo musi nyene kuri Treibeka aho ukwinjira azoba ari amafaranga 3000 ku muntu.

2,200 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment