Scroll to Top

Cherif Pro yaraye ahezagijwe imfura y’umuhungu

By KING YANN COOL / Published on Monday, 18 Dec 2017 08:08 AM / /

Cherif Pro yaraye aronse imfura yavukiye rimwe nawe, kuriwe n’umugisha ugeretse ku wundi.

BIMFURANZIMA Lucabel Elio niko kazina gaheruka guhabwa imfura Cherif Pro aheruka kuronka. Aho hari ku musi w’Imana isaha imwe y’ijoro.

Uwo mwana w’umuhungu akaba yavukanye ibiro vyababa 4. Cherif akaba yaryoherewe gose uwo mwana w’umuhungu Imana yamuhaye, ikanamwongererako kuba yavukiye umusi nawe yavukiyeko.

BIMFURANZIMA Lucabel Elio imfura ya BIMFURANZIMA Avent cherif

Cherif akaba abicishije ku rubuga rwiwe rwa WhatsApp, atahengeshanije kwigina ico ciza eka yongera anakengurukira umukunzi wiwe kuba yamuteye iteka.

Cherif akaba ari umwe mu barundi bake bakora bigashimwe mu gisata c’amasanamu akorewe kuco bita ibitambara.

Uwo mwana aje kandi mu gihe Cherif yaheruka kurushinga n’uwaraye amuhaye uwo muhungu

5,961 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment