Scroll to Top

Imvo nyamukuru zatumye amatora y’uwugiye kurongora EALA yunguruzwa

By La Rédaction / Published on Monday, 18 Dec 2017 08:44 AM / /

Amatora y’uwugiye kuyobora inama nshingamateka y’ibihigu bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko EAC yari yitezwe kuba kuri uno wa mbere yahavuye yungururizwa aho bukera kuwa 19 Kigarama.

Imvo nyamukuru zatumye haba iryo yunguruzwa zikaba ahanini ari imvo zibiri aho mu mvo ya mbere abashingamateka baserukiye Uburundi basavye iyubahirizwa ry’uguhana imbo kw’ibihugu bigize umuryango EAC mu kibanza c’ubuyobozi bwa EALA nayo imvo ya kabiri ikaba ar’uko abo bashingamateka basaba kandi ko hogenwa igihugu kimwe gusa gitegerezwa gutanga uwugiserukira muri ico kibanza nk’uko vyari bisanzwe biri mu masezerano.

Ivyo bibazo bibiri bikaba vyahavuye bituma abashingamateka bagize inama nshingamateka EALA bashima kwungururiza ayo matora ku musi w’ejo aho bukera igenekerezo rya 19 Kigarama uwu mwaka kugira ngo babanze bavyihweze.

Mwomenya ko ico kibanza c’ukuyobora inama nshingamateka EALA ko cariko kirahiganirwa n’umushingamateka Léontine Nzeyimana yaserukiye Uburundi yahora aramutswa ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango EAC, umunyarwanda Martin Ngoga hamwe n’umutanzaniya Adam Kimbisa.

5,342 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment