Scroll to Top

Shassir Nahimana mu bakinyi 11 bingejeje neza muri CECAFA Senior Challenge.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 18 Dec 2017 10:16 AM / /

Ku munsi w’ejo, igenekerezo rya 17 Kigarama, niho harangira mu gisagara ca Nairobi, ihiganwa rya CECAFA Senior Challenge, ihiganwa ryatahukanywe na n’igihugu ca  Kenya  caritunganije gitsinze amazinga ya Zanzibar.

Ishirahamwe rya CECAFA, ryatangaje urutonde rw’abakinyi icumi n’umwe bigenjeje neza muri iryo higanwa. Muri bo dusangamwo umusore w’umurundi umwe gusa, Shassir Nahimana.

Igihugu ca Kenya akaba ari naco gifise mwo abakinyi beshi ( batatu) kigakurikirwa na Zanzibar (babiri) hamwe n’Ubuganda .

Ibindi bihugu  bikaba bifise umukinyi umwe umwe, twovuga nka Tanzania- Ethiopia– Rwanda hamwe n’Uburundi.

Urutonde rw’abo bakinyi:  Omborenga (Rwanda), Jockins Atudo (Kenya),Bernard Muwanga (Uganda), Alharaish Zakaria (Libya),Patillah Omoto (Kenya), Derrick Nsibambi (Uganda), Shassir Nahimana (Burundi), Abubakher Sanni (Ethiopia), Abdul Aziz Makame ( Zanzibar), Patrick Matasi( (Kenya), Himid Mao (Tanzania)Haji Mngwali ( Zanzibar) .

Ikibanza c’umumenyereza mwiza catahukanywe na Hemed Morocco amenyereza amazinga ya Zanzibar, uwugira kabiri akaba ari Paul Put.

Mwomenya ko uno mukinyi Shassir Nahimana yamaze kuvugwa ko yatanguye kuvugana n’imwe mu migwi yo mw’ihiganwa rya Kenya, hakaza imbere Kakamega Homeboyz isanzwe ikinamwo uyundi murundi Arakaza Mac Arthur.

8,763 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment