Scroll to Top

Amazinda bari bafise ku gahembo kabo ngo ni ahere

By La Rédaction / Published on Monday, 18 Dec 2017 13:24 PM / /

Abarimyi b’ikawa bo mu Kivubo ca komine Rutovu mu ntara ya Bururi bamaze imisi bidoga ko batararonswa agahembo kabo kw’ikawa bashoye badidanirwa mu kwezi kwa Nyakanga uwu mwaka turimwo.

Abo barimyi b’ikawa bo mu Kivubo ca komine Rutovu mu ntara ya Bururi bakaba bari barananye gutanga ikawa yabo ngo ive aho mu Kivubo yamara bajinjibuwe n’umushingamateka Jérôme Bikorimana yatowe muri iyo ntara bahava baremera barayitanga, gushika ubu bakamusaba rero ko nk’uko yabubahuye kugira bayishore abemereye ko azoyikurikirana gushika baronkejwe agahembo kabo, abo banyagihugu bamusaba ko yova mu majambo akayashira mu ngiro maze nabo babone kubukura mu cibo.

Naho biri uko, umushingamateka Bikorimana asaba abo banyagihugu ko amazinda yabo yohera maze babandanye batenyenya gato ngo mu kiringo kitarenga amayinga abiri bazoba bamaze kuronswa agahembo kabo kuko gushika ubu isoko yayo ngo iza yaramaze kuboneka hasigaye gusa gushira umukono ku masezerano y’ubuguzi.

6,890 total views, 0 views today

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment