Scroll to Top

ACEBAB: Abakinyi baranze ihiganwa 2016-2017.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 19 Dec 2017 12:18 PM / /

Ku munsi w’Imana uheze, niho haba ibirori vyugusozera ihiganwa ryo mu gisagara ca Bujumbura mu rukino rwa Basket Ball, aho hashimiwe abakinyi n’imigwi bingenjeje neza kurusha abandi.

Ibirori vyatangujwe n’inkino zibiri zari zitegekanijwe mu kuryosha ibirori hagati y’Umugwi w’Urunani ari nawo watwaye igikombe ca Shampiyona hamwe na Gymkana watahukanye igikombe ca Play offs. Urukino rwarangiye ku tsinzi y’Urunani ku manota  mirongo itanu na rimwe  kuri mirongo ine (51-40).

Urukino rwa kabiri, rwahuza imigwi ibiri ya mbere yashitse mu gice ca nyuma mw’ihiganwa ry’abawigeze, urukino rwahuje Techno na Les Champions (68-61).

Inyuma y’izo nkino kabaye akaryo keza k’ugutanga ibikombe n’ubushimwe ku bakinyi bigenjeje neza mu bigeme no mu basore.

Umukinyi yigenjeje neza kuruta abandi( MVP) : Gasongo Landry wa Gymkana.

Umukinyi wo ku ruhande( Airier) :Elvis Hakizimana Gafyisi w’Urunani

Umukinyi wo hagati ( meneur)   : Nijimbere Guibert ( New Star).

 

Mu ntangzo z’umwakauza hakaba hagiye gutangura ihiganwa ry’umwaka uza wa 2018, inyuma y’igikombe c’umukuru w’igihugu kigiye kurangira ku magenekerezo ya 5 na 6 Nzero.

1,672 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment