Scroll to Top

Hahishuwe iyo ifoto iriko Uwoya na Tbaway mu gitanda yavuye

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 20 Dec 2017 09:07 AM / /

Amashusho ariko arakwirakwizwa hirya no hino yerekana Irene Uwoya batazira Oprah arikumwe n’uwundi musore mu gitanda ariko atari umukunzi wiwe Dogo Janja ari nawe mushingantahe wiwe muri ino misi, ngo ariko avugirwako ububeshi gusa. Ivyo vyashikirijwe n’uwo musore barikumwe.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ayo Tv co muri Tanzania avuga ko uwo musore yamenyesheje ko ayo masanamu ari ayo muri Film bariko barakora izosohoka mu misi iza. Uwo musore akaba kandi yanamenyesheje ko bataramenya icabaye ngo asohoke ariko ko atari mu gitigiri c’ayasohoka muri kino gihe, nkuko ngo yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Uwo  musore ashikirije ivyo mu gihe hari umugabo wa Uwoya yaheruka kumenyesha ko ibivurwa ko yoba yaraciwe inyuma n’umugore wiwe bitotuma aca atandukana nawe. Aho akaba yabandanije amushigikira mu gihe amakuru yakwirakwizwa hirya no hino muri ino ndwi ya 2 y’ukwezi kwa 12 kw’uno mwaka wa 2017 yavuga vyinshi ku bucuti yoba afitanye n’uwo musore TBway.

2,927 total views, 0 views today

Add Comment