Scroll to Top

Ubushinwa bwiyemeje gufasha urwaruka rwo muri kaminuza y’Uburundi

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 21 Dec 2017 05:28 AM / /

Igihugu c’Ubushinwa kibicishije mu buserukizi bwabwo ngaha mu Burundi bwiyemeje gufasha urwaruka rwo muri kaminuza y’Uburundi mu bijanye n’ukwiga amashule yisumbuye “master” mu kinyamazuru.

Nk’uko biri mu masezerano yaraye ateweko umukono kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 20 Kigarama hagati y’uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Lee Changlin hamwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Gaspard Banyankimbona, Ubushinwa bwiyemeje gufasha abanyeshule bo muri kaminuza y’Uburundi mu bijanye n’ukwiga amashule yisumbuye “master” mu kinyamazuru.

Kubwa ambassadeur Lee Changlin, ngo guhera mu mwaka uza w’2018, abanyeshule bo muri kaminuza y’Uburundi bagera ku mirongo itanu akaba aribo bazotangura kuza bararonswa agafashanyo kangana n’amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itandatu (60,000Fbu) umwumwe ku kwezi.

Abanyeshule bo muri kaminuza y’Uburundi bakaba barakengurutse cane iyo mfashanyo yamara baboneraho gusaba ko mu gihe vyokunda ko boraba bakazokwongereza abanyeshule boheza bakaronswa ubwo bufasha.

Nayo kubwa Gaspard Banyankimbona aramutswa ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi yamenyesheje ko uwo mugambi ari umwe mu migambi kaminuza y’Uburundi yari isanzwe ifise, ko kubwabo bipfuza ko abanyeshule bose boronkejwe ubwo bufasha yamara ko bitahavuye ngo bikunde bivanye n’uburyo bwabaye buke, aca aboneraho gutera akamo abandi bagiraneza ko boca muri ayo makanda y’Ubushinwa gutyo indero y’akanovera ibone kwiganza mu Burundi.

Mwomenya ko itorwa ry’abo banyeshule 50 bagiye kuzoronswa ubwo bufasha ko ngo ryisunze ahanini ku bumenyi hamwe n’amikoro vy’umwumwe muri bo.

3,313 total views, 0 views today

Add Comment