Scroll to Top

Ugushaka kwumvirizwa na benshi nivyo bihanze Emery sun

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 21 Dec 2017 10:02 AM / /

Emery Sun ngo ashima gukoresha n’izindi ndimi ngo abashe kwumvirizwa na benshi, ubona ko n’uburundi buri muri Afrika y y’ubuseruko.

Kuba Uburundi buri muri Afrika y’ubuseruko, barikumwe n’ibihugu bivuga ururimi rw’igishwahiri ngo nico catumye Emery Sun aha Indirimbo yiwe nshasha akazina kari rurimi rw’igiswahiri.

Murazi ko turi muri east Africa, ni vyiza ko tuza turagerageza gukoresha indimi zose abantu bakadutahura mu zindi ndimi. Ariko nibaza ko igice kinini iri mu Kirundi.

Ivyo Emery sun akaba yabivugiye kuri Micro ya Lee Marvin arakaza, mu kiganiro Indundi Hit show ca Indundo gica kuri Radio Culture buri wa 1 n’uwa 5 isaha icumi z’umuhingamo.

Iyo ndirimbo kandi ikaba isanzwe inafise n’icitabirizo gisanzwe kiri muri urwo rurimi nyene.
Iyo ndirimbo mu kiganiro yaheruka kugira na Indundi akaba yari yamenyesheje ko ariko arakora ibishoboka vyose ngo ayikorere amasanamu mu ntango z’uno mwaka wa 2018.




6,592 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment