Scroll to Top

Hakizimana Kevin yaraye atsinze igitsindo ciwe ca kabiri muri Azam Premier league Rwanda

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 21 Dec 2017 15:40 PM / /

Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka wa 2017 aho ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier league Rwanda ryari ryari riteye ku musi waryo wa 9 ku kibuga c’ihuye aho Umugwi Mukura Vs wari waraye wakiriye Umugwi Gicumbi Fc. Urukino rukaba rwararangiye Mukura Vs utsinze Gicumbi Fc ibitsindo 2-0.

Igitsindo ca mbere kikaba cinjijwe n’uwitwa Rashid Mutebi ku masegonda 47 y’urukino mu gihe ica kabiri Kiza gutsindwa n’umukinyi w’Umurundi Hakizimana Kevin ku munota wa 47 w’igice ca kabiri biza kurangira ari ibitsindo 2-0.


Hakizimana Kevin akaba yaraye atsinze igitsindo ciwe ca kabiri mw’ihiganwa ryo mu Rwanda ariryo Azam Premier League Rwanda 2017-2018.

Mukura Vs ukaba uri mu kibanza ca 6 n’amanota 14 mu nkino 9 umaze gukina.

5,567 total views, 0 views today

Add Comment