Scroll to Top

Ngo nta migenderanire iratosekara hagati y’ivyo bihugu bibiri

By La Rédaction / Published on Friday, 22 Dec 2017 20:08 PM / /

Mu gihe hamaze imisi havurwa vyinshi kw’iyugarwa ry’ubuserukizi bw’Uburundi muri Norvège, icariho c’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ata migenderanire yatosekaye hagati y’ivyo bihugu bibiri anatanga insiguro y’iryo yugarwa.

Nk’uko bishikirizwa n’umushingantahe Bernard Ntahiraja asanzwe ari icariho c’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ingingo Reta y’Uburundi iherutse gufata y’ukwugara ubuserukizi bwayo mu gihugu ca Norvège ngo ntiyerekana namba ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yatosekaye yamara ngo ni poritike ya Reta y’Uburundi ijanye n’indinganizo ubushasha y’ubuserukizi bwayo mu bindi gihugu.

Ntahiraja abandanya amenyesha ko ari vyo ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Norvège butagiye kubandanya bufise icicaro cabwo mu gisagara ca Oslo bwahoramwo, yamara ko buzoheza bukazoba mu kindi gihugu atashimye kudomako urutoke ubwo nyene, ivyo navyo ngo bikaba bitazoba imboneka rimwe ku Burundi yamara ko bisanzwe bitegekanijwe ko igihugu icarico cose gishobora guserukirwa mu kindi gihugu yamara abagiserukira atari ngombwa ngo bategerezwe kuba baba ku butaka bw’ico gihugu baserukiramwo Reta yabo kandi imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri ikabandanya ari myiza.

 

3,835 total views, 0 views today

Add Comment