Scroll to Top

Gaston Sindimwo yaboneyeho kubapfundururira agakemanyi yari yagiye yibangikanije

By Janvier Nzokurigomba / Published on Sunday, 24 Dec 2017 02:08 AM / /
  Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Kuri uyu musi wa gatandatu waraye uheze, igenekerezo rya 23 Kigarama, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yari yaramutse agendera abanyagihugu bo muri komine Buraza yo mu ntara ya Gitega aho yifadikanije nabo mu bikorwa vy’iterambere vy’uwo musi.

Ivyo bikorwa bikaba vyari vyerekeye ukwegeranya amabuye azofasha mw’iyubakwa ry’ibibuga vy’ugukinirako umupira w’amabiko “basketball” hamwe na “volleyball”.

Inyuma y’ivyo kikorwa rusangi, harabaye urukino rwa kivandimwe hagati y’abasangwa bo muri iyo komine ya Buraza hamwe n’abahunze bo muri iyo komine nyene, “les déplacés” mu kinyamazuru.

Inyuma y’urwo rukino, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo akaba yaciye ashikiriza abanyagihugu bo ngaho i Buraza agakemanyi yari yagiye yibangikanije ako nako kakaba kari kagizwe n’ibifungurwa.

9,588 total views, 0 views today

Add Comment