;
Scroll to Top

Diaspora | Chonge yashigikiye umupira w’amaguru atunganya ihiganwa 

By KING YANN COOL / Published on Monday, 25 Dec 2017 10:34 AM / No Comments / 489 views

Ugushima kubona abantu batwenga n’ukuba akina umupira w’amaguru ngo biri muvyatumye ashima gutera ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Kizuka. 

Inkino z’umupira w’amaguru zaratunganijwe ubu zikaba zigeze kure. Izo zikaba zatunganijwe ku buryo bwatanzwe n’umuririmvyi Chonge asanzwe aba ku mugabane wa America, ariko ubu ari ngaha iwacu.

Uwo musore aho twamuyagisha yatubwiye ko izo nkino yatunganije mu mu ntara ya Rumonge ari mu ntumbero z’uguhuza abantu. Aho akavuga ko yashimye ko amenyana na benshi kuko aho aheruka ino ataronse ako kanya. S’ivo gusa ngo yashimye kubikora mu mupira w’amaguru kuko nawe asanzwe awukina.

chonge yabandanije amenyesha ko izo nkino zitabwe n’imirwi umunani, atifuza kuzihagarikira kuri ino ncuro ya 1 gusa, ahubwo ngo ashima kuzozibandanya n’ikindi gihe agarutse.

Nayo ico yisunze ngo atore intara akoreramwo ayo mahiganwa, uwo muririmvyi wa Hiphop avuga ko yashimye gukorera mu Rumonge neza neza mu Kizuka kuko aho aheruka I Burundi ariho yashikiye.

Izo nkino zikaba zizorangira ku musi wa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama mu gihe zatanguye ku musi wa Kane  igenekerezo rya 21 Kigarama. Ubushimwe ngo buzohabwa imirwi 3 ya mbere, Ariko akaba yashimye kugira ibanga ubushimwe.

8,626 total views, 0 views today

Tagged as: