Scroll to Top

#Urwevu| Ni wabikora gutyo ntakizobuza ko uter’imbere kuko n’abandi niko babikora.

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 26 Dec 2017 09:02 AM / /

 

Nkuko abahinga badahengeshanya ku bihanura, yereka ntuhirahire ngo utangure umwaka utawutunganije uko ushaka kuzowubamwo. Ikiringo c’ugutunganya umwaka 2018 rero ni iki nyene. Abahinga rero bamenyesha ko bifise akamaro gakomeye gutegekanya ibikorwa uzorangura mu mwaka imbere yuko utangura. Biraheza ngo bigatuma mu mutwe haba haritegekanya maze maze ugasanga gutyo ubwonko bwawe buraguhaye ivyiyumviro bitari bike kugira uze ushike aho wifuza.

Twibukanye ko, ivyo utegekanya kurangura mu mwaka ari agace k’ivyo wiyemeje kuzoshikako mu myaka icu ikurikira. Muri 2028 uzoba uri igiki? Ni igiki wifuza kuba uri ku buryo uvuga uti , uko bigenda kwose, vyanka vyakunda nzoba ndi kino kintu?

Ukaba umaze kugira iyo sanamu maze ikaba ntabanduka mu mutwe , uri n’amahirwe. Tangura rero , uko umwaka utanguye utegekanya ivyo utegerezwa gukora kugira uze ushike kuco wifuza.

Fata ako kanya , ubikore, nta nkeka na nto izotuma udatera imbere, n’abo bose babaye ibihangange bamenyesha ko ariko babigenza. Ibuka ko ukugenda utazi iyo uja uba umeze nk’impumyi ikanura.

Ca Urwevu!

7,118 total views, 0 views today

Add Comment