Scroll to Top

Cibitoke| Hamaze gushirwaho umugwi w’intara ujejwe gutunganya amatora

By La Rédaction / Published on Wednesday, 27 Dec 2017 17:13 PM / /

Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 27 Kigarama niho umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI warangiza igikorwa cawo c’ugushiraho umurwi w’intara ujejwe amatora CEPI mu ntara ya cibitoke.

Abo bagize uwo murwi CEPI mu ntara ya Cibitoke bakaba bashikirijwe na Pierre Claver Nicayenzi asanzwe aramutswa umurwi w’igihugi ujejewe gutunganya amatora CENI, aho yamenyesheje ko muri iyo ntara uwo murwi washizweho hisunzwe ibitigiri bisanzwe bitegekanijwe mu mategeko agenda amatara, ivyo navyo akaba ari ibice 60 kw’ijana vy’abahutu, ibice 40 kwijana vy’abatutsi hamwe n’ibice 30 kw’ijana vy’abakenyezi.

Uwo arongoye umurwi CENI yemeza ko abashikirijwe bataremezwa burundu niyo bemezwa ngo bazoca barahira kugira batangura ukuri kwamye ibikorwa c’ugushiraho imirwi ijejwe amatora mu makomine CECI. Muri iyo ntara ya Cibitoke abantu 8 akaba aribo bagize CEPI abo nabo bakaba bagizwe n’abahutu 5, abatutsi 2 hamwe n’umutwa umwe.

Mu gihe babiri muri abo bantu 8 bashizweho hamenyeshejwe ko bikekwa ko batoba bazwi muri iyo ntara, Pierre Claver Ndayicariye amenyesha ko hagiye kuba amatohoza kuri abo bantu bamenye neza nimba ivyo bikekwako ari ukuri canke ibinyoma.

7,451 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics
Tagged as:

Add Comment