;
Scroll to Top

Chonge yemeza ko video nshasha itazobura

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 28 Dec 2017 09:40 AM / No Comments / 708 views

Chonge yemeza ko hari indirimbo zitari nke ziriko zirakorwa, zirimwo izizosohoka imbere yuko umwaka uhera.

Chonge ari muri Office ya Indundi Magazine

Hampande y’ibikorwa vy’ugushigikira abakina umukino w’umupira w’amaguru, Chonge ngo afise n’ibikorwa vy’umuziki buca bishirwa ahabona.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Tv, Chonge yavuze ko hampande y’indirimbo zishika kuri 6 ziri muri studio kwa Masterland, ngo hari 1 buca ishirwa ahabona imbere yuko umwaka urangira.

Chonge yanavuze ko afise imigambi y’ugukora amasanamu y’indirimbo 3 mu gihe akanya komukundira. Ariko ico yemeza adakekeranya n’uko Indirimbo 1 yo itegerezwa gusohorerwa amasanamu.

Mwomenya ko Chonge yaramaze imyaka 4 adashika I Burundi, ariko akaba yashimye iterambere igihugu n’abenegihugu bagezeko.

7,361 total views, 0 views today

Tagged as: