Scroll to Top

Ngo Uburundi buriko buratera imbere

By Julien Barinzigo / Published on Friday, 29 Dec 2017 23:59 PM / /
Petero Nkurunziza , umukuru w’igihugu c’Uburundi, Igenekerezo rya 29 Kigarama, Kayanza, mw’ihoteri Paradise

Mu myaka ine iri mbere, Uburundi buzoshobora kuronka amahere akoreshwa na Reta mu mwaka wose butarinze kuzera inze.Ivyo bivugwa na Perezida Nkurunziza ariko akameza ko gutubika uwavubi bizogenda biraganuka buhorobuhoro kuko ngo n’ubutare bwatanguye kwimbwa mu bice bitandukanye budaca bugira ico buhinduye mu kanya gato ku butunzi bw’igihugu.

Mu kiganiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yagiranye n’abavugizi b’inzego zitandukanye, abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu babicishije ku mirongo ya terefone  mu Kayanza mw’ihoteri Paradise , Umukuru w’igihugu yeremeje ko igihugu c’Uburundi kiriko kiratera imbere.

Ku vyerekeye imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda, Petero Nkurunziza yavuze ko yari yiteze ko iyo migenderanire itera imbere ariko ngo bitera vyunyuka.Ngo Urwanda ruhaye indaro abashatse gutembagaza  intwaro abo nabo ngo batazobabarirwa.Ivyo vyabaye inyanduruko mbere ko amatora aherutse kuba mu muryango wa Afrika y’ubuseruko Uburundi butayemera kuko bwarenganijwe ariko Urwanda rurayemeza.

Perezida Nkrunziza yari yamirije abantu bagishira imbere ibijanye n’amako abarundi bazaniwe na bakoroni.Ati : ”Ntivyumvikana kubona abarundi bishinga amoko twometsweko n’abanyamahanga aho kwitaho imiryango yoyo yamyeho mu Burundi”.

Mu gihe ngo ku kirimba Nkurunziza atunze impfuvyi 15 muri CPI hoho banditse ko afise agasho ku kirimba.Panama Papers bobo baca bongerako  afise amahera yashize mu banki yo hanze.Perezida Nkurunziza ati:”Nimba ayo mahera ariyo barayatwara.Jewe Imana yampaye amagara meza, ndakora nkabandi.Ivyo mfise birazwi n’amahera mfise mu banki arazwi”.

Ibwirizwa nshingiro kubona rihinduka ngo ntagitangaza kirimwo kuko ryagiye rirahinduka. Petero Nkurunziza akizera ko no mu myaka iza rizoza rirahinduka nkuko biba no mu bindi bihugu.Mu bishasha biri mu riryo nko kugira ubwene gihugu bubiri bituma umuntu atizota mu vyicaro  bimwe mu ntwaro, Nkurunziza ati:”Twarabonye abarongozi batanga ivyegeranyo ahantu habiri, mu Burundi no hanze.Tukabona ko abantu nkabo baba bagwanira inyungu z’ibihugu bibiri”.

Ku bihugu nk’Ubufaransa bwugaye ibarabara buvuga ko buriko buracungera umutekano ahari ubuserukizi bwaco , Nkurunziza yavuze baciye kubiri n’amategeko bagiye kubabuza ico gikorwa.Ngo ibikorwa nkivyo vyari gukorwa babanje kuvyumvikanako.Ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi buvuga ko bari bafise uruhusha kandi rwo kuva kera.

Nkurunziza yaranamenyesheje ko Uburundi bwiteguriye kwakira abasirikare bagiye gutahuka bava mu gihugu ca Somaliya aho bari baragiye kugarukana umutekano.No kuvyo ubutunzi ngo ntagorane bizotera kuko ngo ni imishahara bahora bahembwa yaheza ikija mu mifuko yabene kuyahembwa.

Bamwe mu bavugizi n’abarongozi bari bitavye ico kiganiro

Muvyo ubutunzi , ikibuga c’indege ca Bujumbura kigiye gusanugwa kuburyo kigira ishusho nk’ibindi bibuga vy’indege hongere hubakwe ikibuga c’indege i Gitega .Ico kizotwara uburyo bwinshi kandi gitware imisi myinshi mu kubakwa .Hazokubakwa kandi akabuga k’indege(Areodrome) i Kabamba mu misi yavuba kugira gafashe mu bijanye n’umutekano.

Muri ico gisata nyene, imiduga yunguruza abantu nacane cane mu gisagara ca Bujumbura ishaje igiye kwankigwa gukora kuva mu ntango z’umwaka wa 2018.Nico kimwe n’imodoka zigurwa zimaze gukora igihe kinini zikaza konona ibidikikije mu Burundi.

Mu gisata c’indero, Petero Nkurunziza yaribukije abarundi ko kugira urupapuro rw’umutsindo bidasigura kuronswa akazi na Reta.Ngo urwo rupapuro rw’umutsindo rutuma ahubwo umuntu ashobora kwiyunganya no kwishura ibibazo bitangwa n’ubuzima.Yaboneyeho gushigikira abantu bose barangiza amashure bagaca batangura gukora udukorwa dutandukanye.Gutyo Reta irashobora kwoga kuvyo baba bariko barakora maze ikabafasha.

Abamenyeshamakuru barashikirije ibibazo bitandukanye ku buzima bw’igihugu

Umukuru w’igihugu ntiyibagiye gushimira umugwi w’abakinyi nserukiragihugu Intamaba mu rugamba ku gikorwa bakoze ngo cerekana ko bazoshika kure mu misi.Yaboneyeho kwemera ko hagiye kubakwa ibibuga bibiri vy’inkino kandi hashigikirwe urwaruka mu ngabirano rwahawe.Ariko yaragayiye amashirahamwe amwe atangisha mahera kandi akinjiza abantu ku nguvu kandi yitwa ko atari mu rudandazwa.Aha hakavugwa cane amashirahamwe y’abagendesha amakinga mu gisagara ca Bujumbura.

 

4,993 total views, 0 views today

Add Comment