Scroll to Top

Ni ryari amasoko aheruka gusubirwamwo azokwugururwa?

By La Rédaction / Published on Friday, 29 Dec 2017 17:50 PM / /

Mu gihe haciye hafi imyaka ibiri hatangujwe ibikorwa bijanye n’isubirwamwo ry’amasoko yo mu gisagara ca Bujumbura agera kuri 6 hamwe n’imwe yo mu Ruziba muri komine Kanyosha yubatswe ubushasha, abanyagisagara ca Bujumbura baguma bibaza ni ryari ayo masoko azosubira gukora nk’uko yahora na rirya muri nka yose ivyo bikorwa vy’ukuyasubiramwo bimaze igihe kitari gito birangiye.

 Isoko ya Jabe, imwe mu masoko aheruka gusubirwamwo mu gisagara ca Bujumbura.

Igituma amasoko yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura aheruka gusubirwamwo atarasubira gukora kandi asa n’ayarangiye ni kimwe mu bibazo bakunze kwibaza abahora basumira muri ayo masoko ndetse n’abadandaza bahora bahadandariza gushika ubu bashwiragiriye mu tuguriro mfatakibanza twagiye turakwiragizwa mu duce dutandukanye two mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa amenyesha ko iteba ry’ukwinjira ayo masoko ko ryavuye ku bantu bayasavyemwo ibibanza babaye benshi gusumba ibibanza bitegekanijwe muri ayo masoko yamara agahumuriza abanyagisagara ko umuti w’ico kibazo uriko urigwa ko mu misi ya vuba maze ayo masoko azoheza akugururwa.

2,902 total views, 0 views today

Add Comment