;
Scroll to Top

Diaspora | Moses yababuriye ku mafaranga abamenyeshamakuru basaba

By admin / Published on Monday, 01 Jan 2018 17:16 PM / No Comments / 589 views

Agashavu ni kose kuri Moses kubera bamwe mu bamenyeshamakuru babandanya kwaka amafaranga ngo bavuze Indirimbo, ari ntibanazivuze.

Muri Video uwo muririmvyi akiri muto abarizwa muri amerika aheruka gukora avuga ko abamwaka amafaranga ngo amaze guhagarika kuyatanga. Batanguye kumugirako iterabwoba.

Twayaze nawe tumubaza icatumye ashima gukora iyo Video. Yamenyesheje ko yashimye kubishira ahabona ngo aburire abatarayatanga ngo ntibaze barwe muri uwo mutego.

Sinari kubandikira Nabicishije aho vyoroshe ko bibaahikira. Hamwe no kuburira abatararugwamwo bakahabera magabo.

Kubwiwe akabona ko umuti w’ico kibazo c’amahera aruko abayatanga bohagarika kuyatanga, kuko ngo kuba ari ugucinyiza abatayafise. Akanongera ko ngo abamenyeshamakuru nabo bohagarika kuyatangisha, ahubwo bakarindira gashimwe bohabwa n’uwo bafashije kuko baba bakoze.

Moses rikaba atari irya mbere abidogeye, ariko ubu ho akaba avuga ko hari n’abamwegetseko inteba ishushe. Abo bakavuga ko afise n’imbuga zivuga nabi abaririmvyi bagenziwe asanzwe akoresha.

8,700 total views, 0 views today

Tagged as: