Scroll to Top

Abarundi ngo bariko baramenya kwisuganya

By La Rédaction / Published on Tuesday, 02 Jan 2018 07:39 AM / /

Gushika ubu, abarundi ngo basigaye bazi kwisuganya batarinze kuzera inze na kare ngo “ak’imuhana kaza imvura ihise”.

  Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza amenyesha y’uko Uburundi bwatanguye urugendo rushikana ku ntsinzi y’ukwikukira nyakuri aho ngo gushika ubu abarundi n’abarundikazi basigaye barijukiye kurangura imigambi y’iterambere y’igihugu cabibarutse batarinze kuzera inze.

Ivyo Nyakwubahwa Perezida Petero Nkurunziza akaba yabishikirije kuri uyu wa 31 Kigarama uheze mw’ijambo ry’ukwipfuriza umwaka mushasha mwiza w’2018 yashikirije abarundi, incuti z’Uburundi hamwe n’abanyamahanga babubamwo.

Aha Nyenicubahiro Petero Nkurunziza akaba yatanze uturorero tw’abarundi isinzi basigaye baja hamwe mu gushinga amashirahamwe y’ukwisununura atandukanye maze bagaheza bakabona kwiteza imbere batarinze gutega amashi nk’uko vyahora vyibonekeza mu myaka yahera, maze aboneraho kubatera intege anabahamagarira kandi kwijukira ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu gusumba uko bari ubu gutyo ngo ntakibuza ko iterambere rirama rizoheza rikiganza mu gihugu cacu.

6,267 total views, 0 views today

Add Comment